Kaminuza y’i Mwaro iramenyesheje ko yatanguye kwandika abanyeshure bashasha bahejeje amashure yisumbuye ngo baze kuyigamwo mu mwaka w’ishure 2020 ushira 2021. Ibisata vy’ubuganga bihari ni ibi : Sciences et Techniques Paramédicales ; Sages- Femmes ; Sciences Infirmières ; Laboratoire ; Anesthésie- Réanimation na Santé Publique kubamenye ikibazo ca Leta. Hariho n’igisata cigisha ivy’ubutunzi.
Kaminuza y’i Mwaro iramenyesheje kandi ko umwaka w’ishure w’2021 uzotangura kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2021, ivyigwa navyo bitangure kuwa 18 Nzero 2021. Ibindi vyose mwokenera kumenya mwoshika kuri Kaminuza bakabibamenyesha canke musome ku rubuga ntangamakuru rwa Kaminuza : www.umo.edu.bi. Mushobora no guhamagara kuri
75/79 957 659 hamwe na 75 102 067.
KAMINUZA Y’I MWARO IBAHAYE IKAZE !!!!