COMMUNIQUE DE RECRUTEMENT DE NOUVEAUX ETUDIANTS

L’Université de Mwaro porte à la connaissance des élèves finalistes des études secondaires et des études post fondamentales, qui ont réussi l’examen d’Etat avec au moins 50% des points que les inscriptions pour l’année académique 2021-2022 CONTINUENT. Pour le moment, les inscriptions concernent uniquement les filières des Sciences de la Santé qui sont: Sciences et Techniques Paramédicales ; Sages-Femmes ; Sciences Infirmières ; Laboratoire ; Anesthésie- Réanimation.

Les dossiers complets (en double) seront déposés au siège de l’Université à  Kibumbu ou à son Bureau de Liaison sis Avenue Patrice Lumumba, n°19, les jours ouvrables entre 7h30’  et 17h30’. Ces dossiers comprennent : une photocopie du Diplôme d’Etat certifiée conforme à l’original; Une attestation de participation et de réussite à l’Examen d’Etat avec au moins 50% ; Un extrait d’acte de naissance ; Une Attestation d’Identité complète ; le Bulletin de la dernière année des études secondaires ; Deux photos passeport ; deux fardes à suspendre.

L’Université de Mwaro informe ceux qui se sont déjà fait inscrire que, pour permettre à un plus grand nombre d’étudiants à le faire, le début des cours a été reporté et est fixé au 20 Décembre 2021. Cela ne nuira en rien le déroulement normal du semestre.

Notez Bien: Pour cette année académique 2021-2022 encore comme pour l’année passée et l’année d’avant, l’Université de Mwaro offre des conditions spéciales de paiement des frais académiques en vue d’encourager les meilleurs élèves à continuer leurs études d’enseignement supérieur.

Pour tout autre renseignement, visitez le site web: www.umo.edu.bi ou téléphonez au 79934072 (Recteur), au 75 161601 (Directeur Académique), au 75/79 957 659 (Directeur de la Recherche) ou au 75 102 067 (Secrétariat de Bujumbura).

Fait à Bujumbura, le 8 décembre 2021

Le Recteur

Professeur Père Liboire KAGABO

ITANGAZO RYO KWANDIKA ABANYESHURE MW’ISHURE KAMINUZA Y’I MWARO.

Ishure Kaminuza y’i Mwaro iramenyesheje abanyeshure bose bahejeje amashure yisumbuye, bakamenya ikibazo ca Leta bashikanye amanota mirongo itanu kw’ijana (50%) ko iyandikwa ribandanya, muri iki gihe rikaba riraba gusa ibisata vy’ubuvuzi, ari vyo, mu gifaransa : Sciences et Techniques Paramédicales, Sages-Femmes, Sciences Infirmières, Laboratoire, Anesthésie-Réanimation.

Abaje kwiyandikisha bazozana ibi bikurikira : Fotocopi y’Urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye yemejwe ko ari agashusho k’urupapuro rw’umutsindo nyezina (photocopie certifiée conforme à l’original) ; icemezo c’uko yakoze kandi yamenye n’amanota 50% n’ayarenga ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kuja mw’Ishure Kaminuza ; urupapuro rwerekana amavuko yiwe( attestation d’acte de naissance) ; urupapuro rwerekana uwo ari we (attestation d’identité complète) ; urupapuro rwerekana amanota yaronse mu mwaka wa nyuma wo mu mashure yisumbuye ; amafoto passeport abiri; fardes à suspendre zibiri.

Ishure Kaminuza y’i Mwaro iramenyesheje abamaze kwiyandikisha ko, kugirango ihe akaryo abatariyandikisha bavyifuza kubigira, yigije inyuma gatoya intanguro y’ivyigwa muri ivyo bisata. Iyo rero izoba kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2021, kandi ivyo ntibizobuza igice kizoba gitanguye guhera ku gihe.

Menya neza :  Nk’uko yari yabigize muri uyu mwaka uheze, eka na mwakuyu, Ishure Kaminuza y’i Mwaro izoha uturusho mu buryo bwo kuriha amafaranga y’ishure kugirango itere intege abanyeshure babishoboye bashobore kwiga amashure kaminuza.

Ku bindi mwoba mwifuza kumenya, murabariza ku rubuga ngurukanabumenyi  rw’Ishure Kaminuza y’i Mwaro : www.umo.edu.bi, canke muterefone kuri nimero 79934072 (Umuyobozi wa Kaminuza), 75161601 (Uwujejwe kuringaniza ivyigwa), 79957659 (uwujejwe kumenyesha amakuru) ; 75102067 ( Sekretariya y’Ibiro vy’i Bujumbura).

Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 8 Kigarama 2021.

Umuyobozi w’Ishure Kaminuza y’i Mwaro

Prof. P. Liboire KAGABO