1. L’ANNEE ACADEMIQUE 2015-2016 TIRE A SA FIN.
Les activités de l’année académique 2015- 2016 se clôturent en beauté. Pour les classes montantes, presque tous les étudiants ont terminé leurs examens de deuxième session et se préparent pour la rentrée de l’année académique 2016- 2017. Celle-ci est prévue en date du 08 Janvier 2017, en même temps date de remise des diplômes à nos lauréats de la 12ème promotion. Dans l’entre-temps, les mémoires sont à l’étape de la fin de leur défense. En tout, les finalistes sont à 353, donc 177 mémoires. En sciences et Techniques Paramédicales, 157 sur 163 mémoires sont déjà défendus ; en Sciences Infirmières, 98 sur 100 sont terminés et en Sage- Femme, 86 sur 87 mémoires sont déjà défendus, à la date du 5 Décembre 2016. Nous espérons que tous auront terminé avant la date de la remise des diplômes. Les nouveaux étudiants qui sont en train de se faire inscrire seront accueillis le lendemain de la remise des diplômes.
2. ASSEMBLEE GENERALE ORDINAIRE DE L’UNIVERSITE DE MWARO.
Une réunion ordinaire de l’Assemblée Générale de l’Université de Mwaro se tiendra aux bureaux de la Croix Rouge du Burundi situés à Ngagara, Quartier 7, le dimanche 18 Décembre 2016, à partir de 10 heures du matin. L’ordre du jour prévu est le suivant : 1. Informations sur l’Université ; 2. Exécution du budget 2015- 2016 ; 3. Prévisions budgétaires 2016- 2017 ; 4. Information sur l’audit des comptes de l’Université de Mwaro pour l’année budgétaire 2013- 2014 ; 5. Planification des discussions sur les nouveaux statuts et autres textes ; 6. Divers. Le Représentant Légal qui a convoqué cette Assemblée Générale insiste pour que les membres fassent un effort pour être en ordre avec les cotisations.
3. LA RECHERCHE A L’UNIVERSITE DE MWARO : UN NOUVEL ELAN POUR 2016- 2017.
En date du 29 Novembre 2016, l’Université de Mwaro a accueilli un Fonctionnaire Principal de la Commission de l’East African Community pour la recherche en santé. Il est venu informé les autorités de l’Université de Mwaro que cette dernière fait partie des universités du Burundi ciblées pour collaborer avec ladite commission, dans le domaine de la santé. Tout un exposé a été développé pour expliquer les aspects de la prochaine collaboration. Le Recteur quant à lui a promis d’impulser la recherche à l’Université de Mwaro comme suit: créer une direction de la recherche, se faire inscrire dans le Conseil Interuniversitaire des universités de l’EAC, faire des jumelages avec d’autres universités rodées dans la recherche en santé, préparer l’ouverture de la faculté de médecine étant entendu que la Clinique Père Liboire KAGABO servira de terrain d’application.
(Données recueillies par Sébastien NDAYIRAGIJE, Assistant chargé des Relations Publiques à l’Université de Mwaro).
1. UMWAKA W’ISHURE 2015- 2016 UGIRA UHERE.
Ibikorwa vy’umwaka w’ishure 2015 ushira 2016 biheze neza. Ku mashure aduga, abanyeshure nka bose barahejeje ibibazo vyabo vya kabiri bakaba bariko bitegurira umwaka w’ishure 2016 ushira 2017. Uwo nawo utegekanijwe igenekerezo rya 8 Nzero 2017, aho tuzoba turiko dutanga impapuro z’umutsindo ku banyeshure bahejeje ubu, ukaba ari incuro ya 12 dutanga impapuro z’umutsindo. Mukurindira, ibitabo biri hafi guhera gusomwa. Abanyeshure bose bangana 353, bakagira ibitabo 177. Muri STP, ibitabo 157 kuri 163 vyarasomwe ; muri SI, 98 ku bitabo 100 vyarasomwe no mu gisata c’Ukwakira abavyeyi ibitabo 86 kuri 87 vyari bitegekanijwe vyaramaze gusomwa gushika uno musi. Twizigire ko bose bazoba basomye imbere y’umusi mukuru wo gutanga impapuro z’umutsindo. Abanyeshure bashasha nabo bariko bariyandikisha tuzobakira bukeye bw’aho.
2. INAMA YA BOSE ISANZWE YA KAMINUZA Y’I MWARO.
Inama isanzwe ya Kaminuza y’i Mwaro izokorana mu kigo ca Croix Rouge y’Uburundi iri mu Ngagara, Quartier 7, kuwa Mungu igenekerezo rya 18 Kigarama 2016, guhera isaha zine zo mu gatondo. Urutonde rw’ibizokwigwa ni uru : 1. Amakuru ya Kaminuza; 2. Ingene amahera yakoze mu mwaka w’ 2015 ushira 2016 ; 3. integuro y’amafaranga azokora mu mwaka w’ 2016 ushira 2017 ; 4. amakuru ku ndimburo (audit) ry’amakonte ya Kaminuza y’i Mwaro ku mwaka 2013 ushira 2014 igeze; 5. Itunganywa ry’ihanahana ry’ivyiyumviro ku mategeko mashasha n’izindi nteguro ; 6. Utuntu n’utundi. Uwuserukira Kaminuza imbere y’amategeko yatumyeko iyo nama ya bose yasavye ko abanywanyi bogira akigoro mu ntererano yabo.
3. UBUSHAKASHATSI MURI KAMINUZA Y’I MWARO : UMURINDI MUSHASHA MU MWAKA 2016 USHIRA 2017.
Kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2016, Kaminuza y’i Mwaro yarakiriye Umukozi Mukuru wo mu gisata c’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko gikora ubushakashatsi mu vy’amagara y’abantu. Yari aje kubwira Abarongoye Kaminuza ko iri muri za kaminuza zatowe ngo zikorane n’ico gisata c’ubushakashatsi mu magara y’abantu. Yarasiguye ico ifashanya rigiye gutangura rizoshimikirako. Umuyobozi wa Kaminuza yaremeye ko ubushakashatsi bagiye kubushimikirako bahereye kuri ibi: gushiraho ubuyobozi bwo gushakashaka muri Kaminuza y’i Mwaro, kwiyandikisha mw’ihuriro ry’ama kaminuza yo muri Afrika y’ubuseruko, kuvukanisha kaminuza yacu n’izinzi zizobereye mu gushakashaka mu muvy’amagara y’abantu, gutegura itanguzwa ry’isata c’ubuganga ku rwego rwo hejuru(faculté de médecine) tukaba tuzi ko ivuriro ryitiriwe Patiri KAGABO Libori ari ryo rizoba aho bimenyerereza.
(Vyatororokanijwe na NDAYIRAGIJE Sebasiyano, ajejwe kumenyekanisha Kaminuza y’i Mwaro)